Event Ihimbazwa ry'Umunsi Mpuzamakungu wahariwe Ibinyabuzima mu Burundi

Igenekerezo rya 22 Rusama uko umwaka utashe, ibihugu vyose vyo kw’isi birahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ibinyabuzima. Nico gituma ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryahariye ibinyabuzima iryo genekerezo rya 22 Rusama kugira ngo habe ihimirizwa n’itangwa ry’insiguro zikwiye mu vyerekeye gukingira n’ugukoresha neza ibinyabuzima. Uyu mwaka rero, icivugo mpuzamakungu ni « Ibinyabuzima vyo mu mazinga ».

Download as iCalendar

Period [19/05/2014 - 22/05/2014]
Event location Uruhongore kama rw'igihugu rwa Ruvubu Komine Buhinyuza, Intara ya Karusi
Host Igisata ca Leta Kijejwe ibidukikije n'uturere kama
Contact person Fofo Alphonse
Email address: fofoalphonse@yahoo.fr
Phone: 257 77759328
Contributor mpawe
Geographical coverage Burundi,
Keywords Ibinyabuzima,

Icivugo c’Uburundi: Mukwifatanya n’amakungu kuri uyo munsi, Uburundi buzowuhimbaza ku c’ivugo « Ibinyabuzima n’akamaro kavyo mw’iterambere rirama ».

Ingene ibintu vyifashe: Ibinyabuzima bigizwe n’ubwoko bw’ibihema, ibibanza mparirwabinyabuzima, hamwe n’akaranga-nkomoko k'ikinyabuzima. Iyo mice yose y’ibinyabuzima iduha ivyankenerwa bitari bike, itugirira akamaro ntangere nko mukuyungurura amazi n’ugutanga akayaga keza,  gutanga imiti yo kuvura hamwe n’infungurwa, ibishobora kuratira ijisho, n’ibindi. Mu Burundi, ivyo binyabuzima birageramiwe kubera ibikorwa bibititura canke bikabihonya harimwo cane cane ugutema n’ukurima mu mashamba cimeza, imiriro ya Nyakanga, kuragira mu mashamba, uruhigi n’uburovyi bitemewe, tutibagiye itosekazwa ry’aho biba.

Intumbero: Dukingire ibanyabuzima vyacu, kugire turonke iterambere rirama no ku neza y’abarundi, abubu n’abejo.

Integuro: Ibikorwa vyo guhimbaza uwo munsi bizomara indwi yose, bikazotangura itariki 19 Rusama 2014. Ihimbazwa  nyezina ry’uyo munsi naryo rikazobera ku Ruhongore kama rw’igihugu rwa Ruvubu, muri Komine ya Buhinyuza, itariki 22 Rusama 2014.


Urutonde rw'ibikorwa bihariwe iyo ndwi:

Date Activité Lieu
19/05/2014 Atelier de formation et de sensibilisation des journalistes sur l’importance socio-économique et écologique des aires protégées et de la biodiversité et sur leur rôle dans la conservation Bujumbura
20/05/2014 Organisation d’une émission « Tumaranirungu » et émission Kabizi sur la problématique de gestion Bujumbura
21/05/2014 Visite guidée  sur la problématique de gestion PN Rusizi
22/05/2014 Célébration proprement dite de la journée Gasave, en Commune Buhinyuza(MUYINGA)